Uburusiya na Amerika ntibumvikanye kw'ihanura ry'indege ya Siriya

Indege F/A-18E Super Hornet (isa niyi iri kw'ifoto) niyo yakoroye indege y'igisirikare ca Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Indege F/A-18E Super Hornet (isa niyi iri kw'ifoto) niyo yakoroye indege y'igisirikare ca Syria

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya bwavuze ko bushobora kurasa indege canke "drone" iciye mu kirere ca Siriya, aho indege zabwo zikorera.

Bushikirije ivyo inyuma yaho indege ya Siriya ikororewe n'indege y'ingwano ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ku munsi wa Mungu.

Umushikiranganji w'Uburusiya wo kwivuna abansi yavuze ko bahagaritse gukorana na Amerika mu bikorwa vyo kwirinda impanuka z'indege mu kirere ca Siriya.

Ibiro bikuru vya Amerika bitegura ibitero, vyavuze ko indege ya Siriya yarashwe hakurikijwe amategeko inyuma yaho irekuriye amabombe ku bagwanya umugwi wa Leta y'iki Islamu mu ntara ya Raqqa.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu, Sergei Lavrov, yabwiye Leta Zunze Ubumwe za Amerika ko itegerezwa kwubaha ubusugire bw'igihugu ca Siriya, ikirinda kwifatana ingingo.

Amerika ifasha inteko zigwanya IS, zishaka gukura abagwanyi b'uwo mugwi mu gisagara ca Raqqa, ikagiriza leta ya Siriya gukororera ibibombe ku birindiro vyabo, ikavuga ko igiye kwihora.