Man City irondera kuzana Dani Alves wa Juventus

Alves ari mu bakinyi ba mbere Guardiola yazanye amenyereza Barcelona Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Alves ari mu bakinyi ba mbere Guardiola yazanye amenyereza Barcelona

Umumenyereza w'umugwi Manchester City wo mu Bwongereza, Pep Guardiola, ashobora kuzana mu mugwi Dani Alves wa Juventus mu ntumbero yo gukomeza abakinyi b'inyuma.

City nta mukinyi w'ubuzobere ifise inyuma ku ruhande rw'iburyo, inyuma yo gusezerera Pablo Zabaleta na Bacary Sagna.

Guardiola yaramaze iminsi arondera umukinyi wa Tottenham, Kyle Walker, ariko ngo akaba yiyumvira guhitamwo umukinyi w'imyaka 34, Alves, aheruka gukina mu rukino rwa nyuma rwa "Champions League", umugwi Juventus akinamwo ukaba waratsinzwe na Real Madrid itariki 3 z'ukwezi kwa gatandatu.

Bivugwa ko Juve yoba yipfuza imiliyoni £5 ku mukinyi Alves.

Guardiola arazi neza Alves, ku kuba yazanye uwo mukinyi wo muri Bresil muri Barcelone avuye muri Seville ku miliyoni £23, mu 2008.

Abo bantu ukwo ari babiri batsinze ihiganwa La Liga incuro zitatu, ibikombi bibiri vyo muri Espagne hamwe na "Champions League" kabiri, imbere yuko Guardiola asezera Nou Camp mu 2012.