Umuriro wo muri Portugal: 12 bakijijwe n'itanki y'amazi

Uwo muriro wateye intara y'amashamba ya Pedrógão Grande Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwo muriro wateye intara y'amashamba ya Pedrógão Grande

Abantu 12 barashoboye kurokoka mu mpanuka y'umuriro wahitanye abantu benshi mu gihugu ca Portugal, mu kwinyegeza mw'itanki y'amazi inyuma yaho uwo muriro ubaburije gushika mu kigwati iwabo.

Abo bantu barimwo umukecuru w'imyaka 95, bamaze amasaha arenga atandatu mw'itanki, mu gihe uwo muriro wababujije ko batabarwa.

"Iyo tanki iyo itabaho, twese twari gupfa," niko umwe mu barokotse yavuze.

Uwo muririo wateye mu gice ca Portugal ya hagati wishe 62, benshi bari mu miduga yabo bahunga.

Haracari umuriro mu duce twinshi, bigatuma ikigo gifasha kugwanya umuriro kirengegwa.

Iyindi miriro yadutse mu zindi ntara zibiri za hagati, Castelo Branco na Coimbra.

Maria do Céu Silva yakejwe afatwa nk'incungu, inyuma yaho akoreshereje itanki ryiwe mu gutabara abanyagihugu ba Nodeirinho, hibasiwe cane n'uwo muriro.

Madamu Silva yagize ico ciyumviro, arondera gutabara nyina, agendana ubumuga.

"Umugabo wanje yansavye ko twomushira mu modoka ariko ntiyashobora kwishikanayo aca avuga ati: "Ni mundeke mpfire hano hasi," niko yabwiye ikinyamakuru Correio da Manhã.

"Dufashijwe n'umuhungu wanje, twarashoboye kumushikana hano."

Na se w'imyaka 81 yatwawe nawe nyene muri iyo tanki.

Umuyaga wari ukaze, ibisakazo vy'amazu bikaguruka, niko yavuze. "Wamengo ni isinema iteye ubwoba."