Nigeria: Igice c'imfashanyo c'abagize ivyago kubera Boko Haram "cibwe"

Abantu baharugwa mu ma miliyoni bataye izabo bagendera ku mfashanyo y'imfungurwa muri Nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu baharugwa mu ma miliyoni bataye izabo bagendera ku mfashanyo y'imfungurwa muri Nigeria

Igice c'ibifungurwa bigenewe abantu bahunze ingwano itewe n'umugwi Boko Haram nticatanzwe, niko leta ya Nigeria ivuga.

Ubutegetsi buvuga ko "ivyo bikoresho vyarungitswe ahandi", ariko abamenyeshamakuru bakavuga ko bisigura ko vyibwe.

Itangazo ryavuye mu biro vy'uwuhagarariye vy'agateganyo umukuru w'igihugu, rivuga ko abajejwe umutekano bari babimenyeshejwe ngo bakingire itanga ryavyo.

Ubwicanyi bwatewe n'umugwi Boko Haram, bwatumye abantu imiliyoni 8.5 bo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria babura ivya nkenegwa vy'ubuzima, niko ubutegetsi buvuga.

Ikibazo c'imvura nke, congereje ingorane zitegwa n'ingwano kuri Boko Haram, yatumye abantu baharugwa mu bihumbi amajana bata ingo zabo.

Abantu bari mu karere ka Nigeria yo mu buraruko bushira ubuseruko, bahanzwe n'ikibazo c'inzara, niko umuryango mpuzamakungu Onu wavuze mu kwezi kwa gatatu.

Mu gitero cikekwa ko cagabwe n'abagwanyi ba Boko Haram ku munsi wa Mungu, abantu 12 barishwe n'abiyahuzi batanu mu kigwati kiri hafi ya Maiduguri, umugwa mukuru w'intara ya Borno.