Trump yagirije Korea ya ruguru gutwaza igikenye kubera urupfu rwa Otto Warmbier

Otto Warmbier muri sentare mu kwezi kwa gatatu mu 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Warmbier yari yapfunzwe azira gushaka kwiba igishusho gihayagiza Korea ya ruguru mw'ihoteli

Prezida wa Amerika Donald Trump yavvuze ko Korea ya ruguru itwaza igikenye inyuma y'urupfu rw'umunyeshure yaramaze imisi apfungiweyo haraheze amezi 15.

Korea ya ruguru yasubije iwabo Otto Warmbier w'imyaka 22, mu ndwi iheze, bavuga ko yaramaze umwaka yarataye ubwenge (coma).

Abavyeyi biwe bavuga ko yasinzikarijwe ubuzima kandi ko yafashwe nabi.

Warmbier yari yapfunzwe yagiriza kwiba ikintu canditse ibintu bishimagiza intwaro ya Korea ya ruguru mw'ihoteli, ntiyigeze asubira gutora ubwenge.