Fifa irasigura ubuhinga bushasha bwo guhagarikira urukino hakoreshejwe video

CONF
Image caption Ubuhinga bushasha bwa video bwo gufasha abahagarikizi

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi Fifa rirashigikiye ubuhinga bushasha bwo gukoresha video mu gufasha umuhagarikizi (VAR) buzokoreshwa mu misi ya vuba mu mupira w'amaguru.

Ico iryo shirahamwe rishaka n'uko ubwo buhinga bwokoreshwa mu nkino za nyuma z'igikombe c'isi co mu 2018 zizobera mu gihugu c'Uburusiya.

Prezida wa Fifa, Gianni Infantino yavuze:"Twarabonye ingene ubu buhinga bwa video bushobora gufasha abahagarikizi kugira bavyitwaremwo neza ku kibuga."

Mu nsiguro za fifa, mu nkino zihuza imigwi yaserukiye imigabane y'isi, ubwo buhinga bwarerekanye incuro zine abaraririye, n'incuro imwe umukinyi yakoze ku mupira.

Image caption Isanamu y'akarorero k'abahagarikizi bariko bararaba urukino hakoreshejwe ubwo buhinga bushasha bwa VAR

Gianni Infantino ashaka ko iryo geragezwa rya VAR rigenda neza kugira ubwo buhinga bwemezwe hanyuma butangure gukoreshwa mu nkino za nyuma z'igikombe c'isi zimirije.