Umukinyi rurangiranwa w'isinema Angelina Jolie ari muri Kenya

Angelina Jolie n'umukinyi w'isinema avugwa ko ahembwa amahera menshi cane muri Amerika
Image caption Angelina Jolie n'umukinyi w'isinema avugwa ko ahembwa amahera menshi cane muri Amerika

Umukinyi rurangiranwa w'isinema wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Angelina Jolie ari mu rugendo mu gihugu ca Kenya aho ategekanya gushikiriza ijambo ku mabi yo mu ngwano ashingiye ku gitsina.

Iryo jambo arishikiriza ikoraniro ryatunganijwe n'igisirikare c'Ubwongereza mu kurondera ingene hohagarikwa amabi ashingiye ku gitsina igihe c'ingwano.

Angelina Jolie yahukanye n'abakinyi b'isinema Jonny Lee Miller na Billy Bob Thornton, muri kino gihe akaba aheruka kuvana n'umugabo wiwe wa gatatu, umukinyi w'isinema Brad Pitt, mu kwezi kw'icenda 2016.