Abantu 400 baba mu kuzimu mu Bushinwa

Mu gisagara ca Beijing abantu barakunze kwibera mu vyumba vyo mu kuzimu nka hano hafotowe mu 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Mu gisagara ca Beijing abantu barakunze kwibera mu vyumba vyo mu kuzimu nka hano hafotowe mu 2014

Inyuma yaho huburiwe abantu 400 baba mu kuzimu munsi y'inyubakwa iri mu za mbere nziza mu muji wa Beijing, vyaciye bitanga umuco ku kungene ikibazo c'uburaro gihanze abanyagihugu bo kuri uwo mugwa mukuru w'Ubushinwa.

Ku munsi wa gatandatu, iradiyo y'igihugu niyo yamenyesheje ko hubuwe ivyumba bitagira amadirisha mu kuzimu - bifise umuryango umwe gusa wo gucamwo usohoka - ku nyubakwa Julong Gardens, iri mu buraruko bushira ubuseruko bw'igisagara, ibamwo abakozi batunze cane b'abanyamahanga.

Ababa muri ivyo vyumba bari mu mugwi w'abantu bashika umuliyoni w'abitwa aba shuzu - canke umuryango w'imbeba - baba mu bibanza vyateguriwe kwikingiramwo ibitero vy'amabombe munsi y'umuji wa Beijing mu myaka ya 1970 na 1980.

Iradiyo y'igihugu yavuze ko abantu baba mu nyubakwa Julong Gardens, batanguye kugira amakenga igihe babonye amasura batamenyereye muri urwo rupangu.

Baciye bubura ivyo vyumba vyinyegeje inyuma y'umuryango uri mu kuzimu (basement) munsi y'igorofa imwe.

Ico kibanza co mu kuzimu cagabuwemwo uburaro bw'abakozi - hakaba ibikoni hamwe n'icumba co kunyweramwo itabi - n'ivyumba.

Abahaba ni abakozi b'abimukira, ubuzima bwabo butandukanye cane n'ababa hejuru yabo ku nyubakwa Julong Gardens.

Ntawuzi niba abo bantu bari muri ukwo kuzimu babayeyo mu mategeko, mu myaka iheze ubutegetsi bwarakoze isekeza bwirukana aba shuzu 120000 bari babayeho muri mwenubwo buryo ku mvo z'umutekano.