Abantu 10 bapfuye mu gitero ca bombe i Mogadishio

Abagwanyi ba al-Shabab baromowe mu gisagara ca Mogadishio ariko baguma bagaba ibitero hirya no hino Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abagwanyi ba al-Shabab baromowe mu gisagara ca Mogadishio ariko baguma bagaba ibitero hirya no hino

Abantu 10 bapfuye bahitanywe n'ibibombe vyatezwe mu modoka ku mugwa mukuru Mogadishio, niko ubutegetsi bwa Somalia bwavuze.

Imodoka ipakiwemwo ibisasu biturika yarenganishijwe ku nguvu ibariyeri ry'abajejwe umutekano, hafi y'inyubakwa ya leta muri komine ya Wadajir iri mu bumanuko.

Amakuru ava muri ako karere avuga ko benshi mu bapfuye ari abasivile.