Umwami wa Arabia Saudite yakuye mu kazi uwomusubiriye

Umwami Salman wa Arabia Saudite yirukanye samuragwa wiwe
Image caption Umwami Salman wa Arabia Saudite yirukanye samuragwa wiwe

Umwami Salman wa Arabia Saudite yirukanye uwomusubiriye amusubiriza umwana wiwe w'umuhungu Mohammed bin Salman amugira samuragwa wiwe wa mbere.

Uwahora ari samuragwa Mohammed bin Nayef yatswe ayo mabanga aca anirukanwa no mu kazi nk'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu.

Mohammed bin Salman w'imyaka 31 azobandanya kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi n'icegera c'umushikiranganji wa mbere.

Izo mpinduka zamenyeshejwe co kimwe n'ayandi mategeko menshi yamenyeshejwe y'umwami.

Ikinyamakuru co muri Arabia Saudite kivuga ko umwami yasavye abanyagihugu kugamburukira uwo samuragwa w'ingoma y'ubwami bwa Arabia Saudite ku musi wa gatatu.