Umukuru w'ishirahamwe rya Uber yatanze imihoho

Umukuru w'ishirahamwe Uber Travis Kalanick yatanze imihoho Uwufise ububasha kw’isanamu ERIC PIERMONT/AFP/GETTY
Image caption Umukuru w'ishirahamwe Uber Travis Kalanick yatanze imihoho

Travis Kanack, yari arongoye ishirahamwe ryimba ubutare rya Uber yatanze imihoho bivuye kubisabwa n'abafisemwo imitahe batanu bakomeye.

Nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca Newe York Times, bivugwa ko azoguma muri komite nk'uko y'uburongozi bw'iryo shirahamwe.

Mu ndwi iheze yari yavuze ko afashe akaruhoko, ko atazoba ahari ku kazi.

Ibi bikurikiye itanga ry'imihoho ry'umugwizatunga David Bondermain muri komite nkuru.

Atanze imihoho inyuma yo gushikiriza ijambo rikandamiza igitsina kimwe mu nama nkuru y'iryo shirahamwe.

Uber imaze imisi yagirizwa gukandamiza abakozi, gucanishamwo no kutitwara neza mu kazi.