Ikibazo c'inzara muri Sudani Yepfo kiriko kirarangira

Imfashanyo y'abagiraneza niyo yafashije kugabanya inzara muri Sudani Yepfo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imfashanyo y'abagiraneza niyo yafashije kugabanya inzara muri Sudani Yepfo

Ikibazo c'inzara muri Sudani Yepfo kiriko kirarangira ariko imiliyoni z'abanyagihugu baracihebuye, niko icegeranyo c'ishirahamwe mpuzamakungu Onu casohotse kivuga.

Ico cegeranyo kivuga ko atari intara nyinshi zishobora kuvugwamwo amapfa, nkuko vyari vyifashe mu kwezi kwa kabiri.

Kivuga yuko imfashanyo y'abagiraneza yagize uruhara runini mu kugabanya ikeha ry'ibifungugwa, ariko ngo abantu baguma bagwana n'ukuronka ivyo bafungura ku munsi bababa imiliyoni zitandatu.

Sudani Yepfo, igihugu kivutse vuba, kirangwamwo indyane nyinshi kuva cikukiye mu 2011.