Isabukuru yo kurya inyama z'imbwa mu Bushinwa

Leta ya Yulin yavuze ko itigeze itegura ku mugaragaro iyo sabukuru Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Leta ya Yulin yavuze ko itigeze itegura ku mugaragaro iyo sabukuru

Mu gisagara ca Yulin mu gihugu c'Ubushinwa, hatanguye isabukuru yo gufungura inyama z'imbwa naho hari amakuru ko yoba yarihanikijwe uno mwaka.

Ibirori vya "Lychee" hamwe n'isabukuru yo kurya inyama z'imbwa, biba ku mwaka mu ntara ya Guangxi.

Mu ntango z'uno mwaka, abaharanira amateka bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bavuze ko abagurisha izo mbwa, babwiwe n'ubutegetsi ngo ntibagurishe inyama z'imbwa.

Ariko abantu bafise ibibanda bazigurishirizamwo babwiye BBC ko ata na kimwe bumvise ku bijanye nivyo mu bategetsi.

Kw'itariki 15 z'ukwezi kwa gatanu, abarongoye igisagara baramenyesheje ko atawabibujije.

Kuri uno wa gatatu, amakuru ava mu gisagara ca Yulin avuga ko hari imbwa zishwe ku bibanda vy'isoko rya Dongkou, ariyo nini muri ico gisagara.

Biravugwa ko hagomowe abapolisi benshi mu mabarabara.

Umwe mu bagwanira amateka yari mu gisagara, yabwiye BBC ko yabujijwe n'igipolisi kwinjira mw'isoko ya Dashichang, aho azi neza ko hari imbwa zibona ziriko ziragurishwa.

Mu myaka iheze harabaye amakimbirane hagati y'abagurisha imbwa n'abaharanira amateka bashaka gutabara imbwa zigira zibagwe.