Uwo mu mugambwe w'aba Républicains, Karen Handel, yatsindiye Georgia

Karen Handel yashimiye Prezida Donald Trump mw'ijambo yashikirije Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Karen Handel yashimiye Prezida Donald Trump mw'ijambo yashikirije

Umugore wo mu mugambwe w'aba Républicains, Karen Handel, yatsindiye inbtebe y'ubushingamateka mu ntara ya Georgia, amatora benshi baboba ko asa n'ugusuzuma ingene intwaro ya Donald Trump yifashe.

Karen Handel yatsinze amatora ya Atlanta ku 53%, kuri 47% y'umu Démocrate bari bahanganye, Jon Ossof.

Ico kibanza cabonetse inyuma yaho uwitwa Tom Price aherewe amabanga y'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.

Yarushije uwo bahiganwa amanota 23.

Muri South Carolina, umu Républicain Ralph Norman yatsinze umu Démocrate Archie Parnell.

Prezida Trump yakeje abo bakandida bose.

Ku bijanye n'amatora ya Atlanta, yanditse ku buryo bwa Twitter avuga ati: "Ndakeje Karen Handel ku ntsinzi yiwe muri Georgia ya gatandatu. Wakoze neza, uraduteye iteka!"