Ubutegetsi bwa Kenya busaba gukwiragiza abigisha mu gihugu

Abarimu benshi b'abakenya bipfuza kwigisha mu mashuli yo mu bisagara Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarimu benshi b'abakenya bipfuza kwigisha mu mashuli yo mu bisagara

Abigisha barenga 300000 bo mu gihugu ca Kenya bagiye kwimugwa hakurikijwe ingingo ya Prezida Uhuru Kenyatta, niko ikinyamakuru The Standard camenyesheje.

Amashuli amwamwe afise abigisha benshi adakeneye, mu gihe ayandi afise abari ku rushi, niko umukuru w'igihugu ngo yoba aheruka kuvuga.

Mw'ijambo yashikirije ryasomwe n'umushikiranganji w'indero Fred Matiang'i mu nama iba ku mwaka y'abarimu barongoye abandi mu mashuli yisumbuuye, yavuze ati:

Ndasavye umugwi ujejwe abigisha "Teachers Service Commission" ngo ugabangane neza abigisha mu ntara zose z'igihugu, hashobore kuboneka abarimu mu mashuli yarenganijwe."

Uburinganire hagati y'abigisha n'abanyeshuli ntibusa mu mashuli menshi, bitewe nuko abigisha benshi bahitamwo kwibera mu bisagara kurusha mu ntara hagati, niko The Standard yavuze.