Uwagavye igitero ku gituro ca gariyamoshi i Buruseri aturuka Maroc

Igiturika ca mbere cabonywe n'umunyamategeko wo muri ako karere Uwufise ububasha kw’isanamu Image copyrightREUTERS/REMY BONNAFFE
Image caption Igiturika ca mbere cabonywe n'umunyamategeko wo muri ako karere

Umugabo yaturikije ikibombe ku gituro ca gariyamoshi c'i Buruseri ku munsi wa kabiri, n'umunya Maroc w'imyaka 36, akaba mu gisagara kimaze kuvamwo abagwanyi benshi b'aba Jihadistes.

Uwo mugabo yikekwa aba ahitwa Molenbeek, akaba yari afise ibombe ikozwe mu misumari akagira n'utugopo turimwo gazi, niko ubutegetsi buvuga.

Yarashwe munyuma arapfa, amarigwa n'ibiturika, abajejwe umutekano bakavuga ko ivyabaye vyofatwa nk'igitero c'iterabwoba.

Yarazwi mu gisata c'igipolisi, ariko ntaco cari bwamwumveko ku bijanye n'iterabwoba, niko amakuru avuga.

Umushikiranganji wa mbere w'Ububiligi Charles Michel, yabwiye abamenyeshamakuru ko "igitero c'iterabwoba cigijweyo" ku gituro ca gariyamoshi.

Umushikirizamanza Eric Van der Sypt yavuze ko uwikekwa, azwi gusa ku ndome O.Z zitangura amazina yiwe, yegereye umugwi w'ingenzi mu rwinjiriro rw'igituro aca agerageza guturitsa isandugu yarafise. Yaturitse buhoro, iraka imbere yuko iturika cane ubwa kabiri.

Uwo mugabo yaciye yiruka atumbera umusirikare avugira hejuru ati "Allahu Akbar (Imana ni nkuru)", imbere yuko araswa.

Yahavuye apfa munyuma kubera inguma, ahaba i Molenbeek hakaba hasatswe n'inteko zihambaye mu mutwenzi wo kuri uno wa gatatu.