Tammy Abraham wa Chelsea agiye gukinira Swansea umwaka umwe

Tammy Abraham yahora akina imbere mu mugwi wa Chelsea Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Tammy Abraham yahora akina imbere mu mugwi wa Chelsea

Umugwi wa Swansea City wakopesheje umukinyi w'imbere wa Chelsea Tammy Abraham, ugiye gukinisha mw'ihiganwa rya Premier League ku kiringo c'umwaka umwe 2017-2018.

Swansea yagwanira, uwo mukinyi w'imyaka 19 yinjije ibitsindo 23 ku nkino 40, n'imigwi ya Newcastle na Brighton.

Amasezerano y'uwo mukopo ategekanywa kurangira kuri uno wa gatatu, itariki 21 z'ukwezi kwa gatandatu.

Abraham yarakoranye na Paul Clement igihe uwo mumenyereza wa Swansea yamenyereza ku kibuga ca Stamford Bridge.