Umugambwe wa Theresa May washikirije urutonde rw'amategeko azigwa

Umwamikazi Elizabeth yari yaherekejwe n'umuhungu wiwe mukuru, umuganwa Charles Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umwamikazi Elizabeth yari yaherekejwe n'umuhungu wiwe mukuru, umuganwa Charles

Leta y'Ubwongereza irongowe n'aba "Conservateurs" yasohoye urutonde rw'amategeko azigwa mu nama nshingamateka arimwo ayo kuvana na UE, ariko ntiyavuga ibijanye n'ivyo womereye abanyagihugu imbere yuko ubura intebe zikwiye.

Amategeko umunani kuri 27 yasomwe n'umwamikazi Elizabeth mw'ijambo yashikirije, yerekeye ingene Ubwongereza buzovana n'umuryango w'Ubumwe bwa Buraya, UE.

Ayo mategeko arimwo ugutunganya umugwi ujejwe guhangana n'ibikogwa vy'iterabwoba hamwe no gushinga umugwi mpuzabikogwa mu gihe c'ivyago.

Nta cavuzwe ku rugendo rwa Prezida Trump ariko ibiro vy'umushikiranganji wa mbere vyavuze ko ari kubera ata tariki irashingwa.