IS yasambuye umusigiti uranga kahise muri Irak

Iraq
Image caption Umusigiti wa Al-Nuri utarasenyurwa

Igisirikare co muri Irak cemeje ko abagwanyi b'umuhari wa Islamic State basenyuye umusigiti mukuru wa Al-Nuri, uri mu gisagara ca Mosul.

Uwo musigiti wari nk'uwo umukuru w'abagwanyi ba IS, Abu Bakr al-Baghdadi yashikiririjemwo ijambo mu myaka itatu iheze ariko aramenyesha ubutegetsi bushasha.

Mu gihe ivyo bivugwa, abo bagwanyi bo bemeza ko indege za gisirikare za Amerika ari zo zawusenyuye.

Kare mu gatondo k'uyu msi, uwurongoye igisirikare ca Irak yabwiye BBC ko bari kure ku metero nyinshi uvuye kuri uwo musigiti, bariko baragerageza kwigira imbere, dufise intumbero yo kwigarurira icicaro gikuru c'abo bagwanyi ba IS muri Irak.