Trump: Uruzitiro hagati ya Amerika na Mexique ruzokoresha izuba

Urwo rumohe Trump ashaka kwubaka ruzokwakira imishwarara y'izuba kugira haboneke umuyagankuba utazimvye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Urwo rumohe Trump ashaka kwubaka ruzokwakira imishwarara y'izuba kugira haboneke umuyagankuba utazimvye

Prezida wa Amerika Donald Trump yabwiye abamushigikiye ko uruzitiro rwo ku rubibe rwa Mexique ruzoba rushobora kwakira imishwarara y'izuba.

Igihe yariko arashikiriza ijambo ku mugaragaro mu ntara ya Iowa, yavuze ko umuriro uzoba watanzwe n'imishwarara y'izuba uzogurishwa, gutyo bifashe kuriha amahera yo kwubaka urwo ruzitiro ruteye impari.

Yavuze ko ico ari iciyumviro ciwe: mubona atari iciyumviro ciza? Amashirahamwe menshi yarashize mu migambi yayo yo kwubaka urwo ruzitiro ivyuma bitanga umuyagankuba uvuye ku zuba.

Donald Trump: "Tuzubaka uruhome ku rubibe rwa Mexique"

Mu gihe c'imyiyayamamazo, Trump yiyemeje kwubaka uruzitiro ku rubie rwa Mexique kugira abuze abimukira bava muri ico gihugu hamwe n'igurishwa ry'ibiyayuramutwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Trump avuga ko uruzitiro ku rubibe rwa Mexique ruzoba rufise umuyagankuba uvuye ku zuba

Yavuze ashimitse ko azotegeka Mexique kuriha urwo ruzitiro, ariko prezida w'ico gihugu Enrique Pena Nieto yavyamiriye kure.

Mexique irabura Amerika ko izihimura

Trump yabwiye abantu isinzi bari baje kumusanganira muri iryo koraniro ko azoshikiriza iciyumviro ata hantu na hamwe bari bwacumve.

"Turiko turiyumvira ikintu twisangije, turavuga urubibe rwo mu bumanuko, hari izuba ryinshi n'ubushuhe bwinshi".

"Turiyumvira kwuhubaka uruzitiro rwakira umuyagankuba uvuye ku zuba, ku buryo ugurishwa, gutyo rukiriha rwo nyene. Aha Mexique itegerezwa kuriha amahera make, kandi nibaza ko ari iciyumviro ciza. sivyo?"