Congo yakuye abasirikare bayo muri Centrafrique mu gihe bagirizwa gufata abapfasoni ku nguvu

peacekeepers in CAR Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Onu mu gihugu ca Centrafrique bamaze igihe bagirizwa gukora ibikorwa vyo gufata abapfasoni ku nguvu

Igihugu ca Congo-Brazzaville kigiye gutahukana abasirikare baco 600 bari bagiye mu butumwa wo kugarukana amahoro muri Centrafrique, bivuye ko vyo bagirizwa vyo gufata abapfasoni ku nguvu, nk'uko bishikirizwa na Onu.

Isubirizwa ry'abasirikare ba Congo ririmwo ikibazo, nk'uko iryo tangazo ryabivuze.

Abasirikare bari mu rwego rwa Onu ruzwi kw'izina rya Minusca bashika 13.000.

N'abasirikare b'Ubufaransa baragirijwe gukubagura abapfasoni muri Centrafrique. Batandatu barahanaguweko ivyo bagirizwa mu ntango z'uyu mwaka, ariko ayandi matohoza aracabanndanya.

Imirwano yahitanye abantu 115 muri Centrafrique

Abaturage bo muri Centrafrique barahungira muri RDC

Abasirikare ba Onu bagiye muri Centrafrique mu 2014, igihe hari akajagari inyuma y'iyirukanwa ku butegetsi rya prezida Francois Bozize n'abagwanyi biyitirira idini rya Islam, bituma haduka abandi bagwanyi biyitirira abakristu.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bariciwe mu midurumbanyo yakurikiye, abandi ibihumbi amajana n'amajana bahungira mu bihugu bibanyi