Mohamed Salah: Umukinyi w'umunyafrika azimvye uno mwaka

Salah (i buryo) agiye kuba umukinyi wa mbere w'umunyafrika arekuwe ku mahera menshi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Salah (i buryo) agiye kuba umukinyi wa mbere w'umunyafrika arekuwe ku mahera menshi

Umukinyi wa Roma w'imbere ku ruhande, Mohamed Salah, kuri uno wa kane arasuzumwa amagara n'umugwi Liverpool, imbere yukouwo mugwi utanga imiliyoni 39 euro (imiliyoni $43) kugira arekugwe.

Uwo mukinyi aturuka mu Misiri yarondegwa cane na Jurgen Klopp, mu gihe yitegurira ihiganwa rya Champions League ry'umwaka uza.

Ku kiguzi c'amahera ca kino gihe, ayo mafaranga siyo ya mbere menshi uwo mugwi urishe, mu gihe watanze imiliyoni £35 kuri Andy Carrol mu 20111, ariko angana n'amahera watanze kuri Sadio Mane, yari umunyafrika wa mbere yatangiwe amahera menshi.

Salah yarigeze muri Liverpool avuye Basle mu 2014, imbere yuko aja mu mugwi wa Chelsea.

Inyuma y'inkino zitandatu yatangiwe imiliyoni £11, yaciye aja gukina ku mukopo muri Fiorentina na Roma.

Uwo mugwi wa nyuma witeguye kurekura Salah, agashobora gusinya amasezerano y'imyaka ine.

Salah ni umukinyi yabonetse cane mu gihe Roma yahejeje ari iya kabiri mw'ihiganwa riheze rya Serie A, aho yatsinze ibitsindo 15 mu nkino 31.