Angel di Maria yemeye kuriha imiliyoni 2euros y'ikori igihugu ca Espagne

Angel di Maria yatsinze ihiganwa rya Champions League akinira Real mu 2014 imbere yo kuja muri Manchester United ku miliyoni 59.7£ (imiliyoni 75.6$) Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Angel di Maria yatsinze ihiganwa rya Champions League akinira Real mu 2014 imbere yo kuja muri Manchester United ku miliyoni 59.7£ (imiliyoni 75.6$)

Uwahora akinira umugwi wa Manchester United Angel di Maria yemeye kuriha imiliyoni 2euros (imiliyoni 2.232$) y'ikori mu gihugu ca Espagne, niko ubutegetsi bwaho bwavuze.

Yemeye ivyaha bibiri bijanye n'ivyo yararekuriwe ku bijanye n'amafoto igihe yakina mu mugwi wa Real Madrid.

Di Maria, w'imyaka 29, akina muri kino gihe mu mugwi Paris St -Germain, ari mu bakinyi n'abamenyereza bakomeye, ubutunzi bwabo buriko burasuzumwa.

Umumenyereza wa Man United Jose Mourinho n'umukinyi w'imbere wa Real Christiano Ronaldo barahakanye ivyo bagirizwa.

Mourinho yagirijwe n'abashikirizamanza kunyuruza imiliyoni 3.3 euros agenewe ikori igihe yamenyereza Real Madrid kuva mu 2011 gushika mu 2012.

Ronaldo yagirizwa gukwepesha amatagise y' imiliyoni 14.7 euros kuva mu 2011 gushika mu 2014.