Abahungu bo kw'ishuli rya Exeter bambaye amajipo bagumuka

Baguye kw'ishuli, abo banyeshuli bavuga bati "Reka abahungu bambare amakabutura"
Image caption Baguye kw'ishuli, abo banyeshuli bavuga bati "Reka abahungu bambare amakabutura"

Abahungu bo kw'ishuli rya Exeter mu Bwongereza, bambaye amajipo mu kugaragaza akababaro gatewe nuko bankiwe kwambara amakabutura.

Abanyeshuli bo kuri ISCA Academy iri ahitwa Exeter, basavye uruhusha ko bohindurigwa imyambaro yabo y'ishuli kuberako hashushe.

Umwe mu bahungu bagiye muri iyo myiyerekano yavuze ati: "Ntiturekuriwe kwambara amakabutura, kandi siniteze kwambara ipantalo umunsi wose, harashushe cane."

Umukuru w'ishuli Aimee Mitchell yavuze ko amakabutura "atari" mu nyambaro zemewe n'ishuli, nkuko vyashikirijwe ubwa mbere na Devon Live.

Abo banyeshuli bavuze ko iciyumviro cuko boja mu myiyerekano cavuye kuri uwo muyobozi w'ishuli mukuba ariwe yasohoye ubwa mbere ico ciyumviro, ariko umwana umwe yavuze ko yibaza ko yabivuga yipfyinira.

Bavuze ko bizeye ko ishuli rizosubira kwihweza ico ciyumviro co kwambara amakabutura mu gihe barinze bagumuka, umukuru w'ishuli akaba yavuze ko bagiye kuvyihweza.