Abantu 29 bishwe n'ibombe iruhande y'ibanki muri Afuganistani

Ico gitero kibaye amafungo ya ramazani agira arangire Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ico gitero kibaye amafungo ya ramazani agira arangire

Niburiburi abantu 29 bapfuye abandi 60 barakomereka inyuma yaho ibombe iri mu modoka iturikiye iruhande y'ibanki mu ntara ya Helmand mu gihugu ca Afuganistani, niko ubutegetsi bwavuze.

Igipolisi cabwiye BBC ko iyo bombe yaturikiye kw'irembo ry'ibanki New Kabul Bank, ahitwa Lashkar Gah.

Abasivile hamwe na bamwe mu bajejwe umutekano bari mu bahitanywe n'iyo bombe.

Nta muntu canke umugwi uremanga ico gitero, ariko abatalibani hamwe n'umugwi wa leta y'iki Islamu "Islamic State" nibo bamaze bagaba ibitero muri ano mezi ya vuba.

Umuyobozi bw'ibitaro vya Lashkar Gah, Mawladad Tabedar, yabwiye BBC ko igitigiri c'abapfuye canke bakomeretse gishobora kuduga.