Igitero ca bombe cahitanye benshi muri Afghanistani

Ikarata yereka Lashkar Gah i Helmand Province, uvuye ku mugwa mukuru Kabul

Abantu boba bashika 20 bishwe abandi barenga mirongo ibiri barakomerekera mu gitero cabereye mu ntara ya Helmand, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Abateye bitwaje ibigwanisho binjiye muri banke, hakaba hariko haraba intambara n'abajejwe umutekano, nk'uko bishikirizwa n'ikinyamakuru ca Tolo.

Abanyagihugu n'abajejwe umutekano bari mu bapfuye.

Ntawuriyitirira ico gitero ariko aba taliban hamwe n'umugwi wa Islamic State baragize ibitero nk'ivyo vyahitanye abantu benshi mu mezi ya vuba aheze.

Abataliban bafashe umuji ukomeye muri Afghanistan

Igitero cya Kabul: Igitero cyishe abantu bari mu muhango wo gushyingura uwapfiriye mu myigaragambyo

Umuvugizi w'igipolisi gikorera muri ako karere ka Helmand, Salam Afghan yabwiye BBC ko uwateye ico kibombe yiturikirijeko ivyo yari yambaye ku muryango w'ishami rishasha rya Kabul bank

Ibitaro vyakira ababaye cane i Helmand na vyo nyene vyemeje ko hari ibiziga 20 n'abakomeretse 50 bamaze gushikanwa muri ivyo bitaro. Abakomeretse cane bagumijwe mu bitaro, nk'uko bimenyesha na BBC ishami rya Afghan