Harry: Ntawushaka kuba umwami mu Bwongereza

Umuganwa Harry Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umuganwa Harry

Nta muntu n'umwe mu muryango w'ubwami mu Bwongereza yipfuza kuba umwamikazi canke umwami, nk'uko umuganwa Harry yabibwiye ikinyamakuru kimwe co muri Amerika , ko bagira ico bakoze umwanya ugeze.

Mbe hoba hariho umwe muri twebwe yoba ariko aritegurira kuba umwami canke umwamikazi?

Sindavyibaza, niko yabwiye ikinyamakuru ca Newsweek.

Yongeyeko ko uwo muryango w'abami urajwe ishinga no gukorera ivyiza abongereza.

Umuganwa Harry ku rugamba muri Afganistan

Umuganwa Harry kandi yaragize ico avuga ku bantu benshi bitavye amaziko ya nyina wiwe Diana, avuga ko ku mwana w'imyaka 12, bidakwiye ko yitaba ayo maziko.

Image caption Abaganwa William na Harry ku maziko ya nyina wabo

Mu mwaka wa 1997, Harry yari kumwe na se wiwe umuganwa wa Wales, sekuru na sewabo Earl Spencer mu rukurikirane rw'imodoka mu mabarabara yo mu gisagara ca Londres.

Harry, aherutse kuvuga ko yarinze gukurukiranwa kugira ashobore kwakira urupfu rwa nyina wiwe mu mpanuka yabereye i Paris, yavuze: Mawe yari yarapfuye ariko biba ngombwa ko ndabigendana umwanya muremure inyuma y'isandugu ryiwe, tuzungurutswe n'abantu ibihumbi n'ibihumbi, abantu bandaba abandi bandabira ku mboneshakure.

Sinibaza nk'umwana ko ari vyiza kobomubwira gukora ivyo, uko biri kose ubu sinibaza ko ivyo vyokorwa ubu.