Prezida Magufuli yavuze ko abakobwa bavyaye batazosubira kw'ishuli

Umukuru w'igihugu ca Tanzania ntakunda indongozi z'ivyiyumviro bidatomoye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru w'igihugu ca Tanzania ntakunda indongozi z'ivyiyumviro bidatomoye

Umukuru w'igihugu ca Tanzaniya John Magufuli yavuze ko ku burongozi bwiwe ata mukobwa amaze kuba umuvyeyi, azorekurigwa gusubira mw'ishuli.

Prezida Magufuli yavugiye ivyo mu gikorane cari mu gisagara ca Chalinze, ku birometero 100 uvuye ku mugwa mukuru Dar es Salaam.

"Amaze gukora ibiharuro bikeyi yaciye asaba umwigisha ko yoja hanze guha ibere umwana yariko ararira," niko Prezida Magufuli yavuze.

Ku bijanye n'umugabo azoba yateye inda uwo mukobwa, prezida yavuze ko akwiye gufungwa imyaka 30, inguvu yakoresheje gutera iyo nda uwo mukobwa akazikoresha arima mw'ibohero.

"Amashirahamwe niyugurure amashuli y'abavyeyi ariko ntaze kubwira leta ngo yakire kandi abo banyeshuli."

"Ntanga amashuli ya gusa ku banyeshuli bahisemwo kuja kwiga, ubu naho mugira munsabe ngo nigishe abavyeyi babo?" niko Prezida Magufuli yavuze.

Muri Tanzaniya, niburiburi abana b'abakobwa 8000 baraheba amashuli ku mwaka kubera ugutwara inda, nkuko ikigo kigwanira agateka ka kiremwa muntu Human Rights Watch kivuga.

Abanyeshuri 30 bapfiriye mu mpanuka muri Tanzaniya