Ibihugu vy'abarabu vyarungitse urutonde rw'ibisabwa igihugu ca Qatar

Urubibe rwa Abu Samrah ku ruhande rwa Qatar ujabuja uja muri Arabia Saudite, itariki 20 ukwezi kwa gatandatu mu 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Arabia Saudite yarugaye urubibebihana na Qatar

Ibihugu bine vy'abarabu vyarungikiye urutonde rw'ibintu 13 igihugu ca Qatar gitegerezwa gukora imbere y'uko bigikurako ibihano.

Ibihugu vya Arabia Saudite, Misri, Emirat Arabes unis na Bahrain bisaba ico gihugu co mu kigobe c'abarabu kwugara iradio Al Jazeera.

Bisaba kandi igihugu ca Qatar kugabanya ubucuti gifitaniye n'igihugu ca Iran hamwe no kwugara ikambi ya gisirikare ya Turkia, kandi vyose bikaba vyakozwe mu misi itarenga 10.

Qatar cari cagerageje kugira isura nziza mu myaka iheze, kirahakana kikarengwa gufasha imigwi y'iterabwoba no guteza umutekano muke.

Irani yarungikiye ibifungurwa igihugu ca Qatar kiri mu bihano

Trump avuga kw'ikumira rya Qatar ari inzira yo kurangiza iterabwoba

Haraheze indwi zirenga zibiri ico gihugu carafatiwe ibihano ruhasha vy'ubutunzi n'imigenderanire, mu ngorane za politike zitari bw'igere ziboneka mu myaka irenga mirongo ibiri.

Urwo rutonde rwasohotse inyuma y'aho umunyamabanga wa reta ya Amerika Rex Tillerson ahamagariye ibihugu bibanyi vya Qatar kuvuga ico vyiza kuri ico gihugu "vyumvikana kandi bishoboka".

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ayo matati ni yo yambere yadutse akomeye muri ico kigobe c'abarabu mu myaka 20

Ibimenyeshamakuru bivuga ko hari agashavu muri Amerika gatewe n'uko Arabia Saudite n'ivyo bindi bihugu vyafashe umwanya muremure imbere yo kumenyesha ico bisaba.

Nta nyishu yahuse iboneka y'igihugu ca Qatar ariko umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu Sheikh Mohammed bin Abdulraman al-Thani yavuze kare ko ata biganiro bazogiriranira hatabanje kuvanwaho ibihano bafatiwe.