Merkel: Kuba abanyagihugu ba Buraya batazirukanwa mu Bwongereza n'intango nziza

Umushikirangani wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel (i bubamfu) n'uwo Ubwongereza Theresa May (i buryo) mu nama y'abategetsi ba EU i Bruxelles, ku wa 22 ukwezi kwa gatandatu mu 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Angela Merkel avuga ko mu nama y'imisi ibiri ya EU batazoshimikira gusa kuri Brexit

Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel yavuze ko umugambi w'Ubwongereza wo kwubahiriza agateka k'abanyaburaya baba mu Bwongereza inyuma y'uko ico gihugu kizoba cavuye muri EU, "ari intango nziza".

Ariko yavuze ko hariho " ibindi bibazo vyinshi, vyinshi" vyerekeye Brexit kandi ko "hakiriho vyinshi vyo gukora".

Uwo mugambi washizwe ahabona n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May mu nama ya EU iriko irabera i Bruxelles ku musi wa kane.

Ubwongereza bushobora kwubahiriza amategeko agenga abimukira ku banyaburaya bazoba bahamaze imyaka itanu, baronshwe "uruhusha rwo kuba mu Bwongereza".

Merkel asaba Ubwongereza kwubahiriza ikirangaminsi c'ibiganiro vya Brexit

Ubwongereza na UE mu biganiro vyo gutandukana

Ivyo bizibaha uburenganzira bwo kuguma mu Bwongereza, bavugwe, bige baronke n'ibindi bintu vyose vya nkenerwa.

Uwo mugambi ushobora kuraba abanyagihugu bo mu bihugu vya Buraya ubu baba mu Bwongereza bashika imiliyoni 3.2