Umukinyi wa film aravuga "iyicwa" rya Trump

Umukinyi wa Caribbean Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umukinyi wa Caribbean

Umukinyi wa film Johny Depp aragabisha kwica prezida wa Amerika Donald Trump mu gihe yariko ashikiriza ijambo mu musi mukuru wa Glastonbury.

Urashobora kuzana Trump ngaha? ni ko yabajije abakunzi biwe igihe yariko arerekana icese ku mugaragaro film yiwe ya The Libertine.

Inyuma yo guhabwa induru n'abarorerezi, yongeyeko : Ntimwategereye, ni ryari umukinyi wa film yirahiye umukuru w'igihugu? Ndashaka kubabwira ntaciye hirya no hino, ni ko yabandanije avuga.

"Jewe ndi umukinyi wa film. Ndabesha kugira bampe amahera. Nibaza ko uyu ari umwanya mwiza".

Uwo mukinyi rurangiranwa yavuze ko ivyo avuze bisa n'ibiraba ubwicanyi bwahitanye Abraham Lincoln bwagizwe n'umukinyi wa film John Wilkes Booth 1865, bishobora gutera ishavu.

"Ndazi ko ibi biza kuba biri mu binyamakuru kandi ko bizotera ubwoba", ni ko yavuze.

"Ni ikibazo gusa, nta tama ry'umuntu n'umwe nshaka".

Uwo mukinyi wa film si uwa mbere avuze ivyerekeye iyicwa rya prezida.