K. y'epfo: Somambike wa Park Geun yapfunzwe

Somambike w'uwahoze ari prezida wa Korea y'epfo, Park Geun Hye ,Choi Soon-sil yinjijwe ibohero Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Somambike w'uwahoze ari prezida wa Korea y'epfo, Park Geun Hye ,Choi Soon-sil yinjijwe ibohero

Somambike w'uwahoze ari prezida wa Korea y'epfo yaciriwe gupfungwa imyaka itatu inyuma yo kwagirwa c'icaha co kurya ibiturire.

Ni ubwa mbere Choi Soon-sil ashikanwa imbere y'ubutungane inyuma yo gusaba isoko kw'izina ry'umuhungu wiwe, kimwe muvyo yagirizwa vyatumye prezida Park Geun hye akurwa ku butegetsi.

Uwo yakoranye n'umupfasoni Park nk'umuhanuzi wiwe, yahaswe ibibazo hanyuma aca arashikanwa imbere y'ubutungane.

Umupfasoni Park yarahakanye yivuye inyuma ivyo yagirizwa bijanye n'igiturire.

Choi yagirijwe gukoresha igihagararo afise mu gutegeka abategetsi ba kaminuza kwandika umwana wiwe w'umukobwa, hamwe no kumuha amanota y'ibibazo atigeze akora.

Urubanza rw'uwahora arongora Korea Yepfo Park Geun-hye rwatanguye

Park Geun-hye yahora arongoye Korea yepfo yapfunzwe

Sentare yavuze ko icatumye akora ayo makosa menshi vyerekana ko vyinshi vyavuye ku rukundo rw'umuvyeyi yashaka umwana wiwe atere imbere nk'uko vyavuzwe n'ikinyamakuru ca Yonhap.

Abakozi babiri bahoze bakora muri kaminuza ya Ewha Women.s yo mu gisagara ca Seoul na bo bapfunzwe bazira gufashanya na Choi.

Choi kandi aragirizwa ibindi vyaha, harimwo gukoresha nabi amabanga yari ashinzwe, guhatira, kugerageza guhatira no kugerageza kubesha.

Abashikirizamanza bavuga ko umwana w'umupfasoni Chung yagize uruhara mu kubangamira ubutunzi, ububeshi mu bibazo, guhagarika ubudandaza no kunyegeza ivyaha yakoze bikomeye.