Korea ya ruguru yagerageje ibindi bigwanisho

Korea ya ruguru yagerageje ibikoresho vyayo vya gisirikare
Image caption Korea ya ruguru yagerageje ibikoresho vyayo vya gisirikare

Abategetsi ba Amerika bemeza ko Korea ya ruguru yagerageje ibindi bikoresho bishasha vyo gutera misile zayo.

Iryo geragezwa ryoba ryabaye ku musi wa gatatu, rizoba ribaye irya mbere ry'ibikoresho nk'ivyo rikozwe na Korea ya ruguru kuva mu kwezi kwa gatatu.

Iyo nkuru ivugwa mu gihe hari ukurabana ribi hagati ya Amerika na Korea ya ruguru kubera umugambi w'ico gihugu wo gukora ibigwanisho ruhonyanganda.

Ubutegetsi bwa prezida Trump bwashize ico kibazo imbere.

N'aho amakungu agoma asemerera, Korea ya ruguru irabandanya kugerageza misile mu ntumbero yo gukora iyishobora kuva ku mugabane umwe igashika ku wundi mugabane.

Korea ya Ruguru yagerageje igisasu ca gatatu mu ndwi zitatu

Korea ya ruguru yagerageje ikindi gisasu

Ikigo kijejwe iperereza ca Amerika caragabishije mu kwezi guheze ko Korea ya ruguru yimirije gushika kuri iyo ntambwe.

Abategetsi ba Amerika bariko barisigura ku bintu bitandukanye bivugwa, bavuze ko ivyo vyakozwe kuri uyu musi wa kane ari intambwe ya mbere yo gukora misile ishika kure, ishobora no kugera muri Amerika.

Kubera ibikorwa vyo mw'ibanga vy'igisirikare ca Korea ya Ruguru, biragoye ku bahinga kumenya aho ico gihugu giteje ico gikorwa co gukora iyo misile ishika kure.

Image caption Prezida wa Korea ya ruguru Kim Jong Un

Ivyo bimashini bishobora gukoreshwa mu kurungika ibigendajuru mu kirere, ariko abategetsi ba Amerika bafise amakenga ko ubwo buhinga buriko buragerasgezwa mu ntumbero yo gukora misile ishobora kuraswa ku wundi mugabane.