Ketumile Masire yahagarariye itohoza kuri jenoside y'u Rwanda yitavye ku 91

Sir Ketumile Masire - niwe yatumye Botswana idahungabana Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sir Ketumile Masire - niwe yatumye Botswana idahungabana

Uwahora arongora igihugu ca Botswana Sir Ketumile Masire yahagarariye itohoza kuri jenoside y'u Rwanda yitavye Imana ageze ku myaka 91, leta ikaba yategetse ikigandaro c'iminsi itatu.

Sir Ketumile, yatwaye igihugu kuva mu 1980 n' 1998, azwi cane ku kuba ariwe yatumye igihugu gitekana, niko amakuru ava muri AFP avuga.

Yaragiye mu manama menshi y'umutekano muri Afrika harimwo ayo kurangiza ingwano mu gihugu ca Mozambique.

Botswana kiri mu bihugu vya mbere bitunze vya Afrika kandi bitekanye.

Sir Ketumile yabaye prezida inyuma y'urupfu rw'umukuru w'igihugu wa mbere w'igihugu wa Botswana, Sir Seretse Khama mu 1980.

Yabanje aba umushikiranganji w'ikigega, munyuma aba icegera c'umukuru w'igihugu imbere yuko arongora igihugu.

Sir Ketumile yatanze imihoho mu 1998 amaze kuduza ubutunzi bw'igihugu bushingiye ku mabuye y'agaciro ya diamant.

Yarashigikiye Afrika Yepfo igwanya intwaro ya karyanishamiryango ya "apartheid" n'ingwano zo kwikukira mu karere.

Yaragiye mu biganiro vy'amahoro mu bihugu bitandukanye vya Afrika birimwo Kenya, Lesotho, Swaziland na Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Sir Ketumile niwe yararongoye umugwi w'abanyepolitike b'icubahiro bakoze itohoza kuri jenoside yabaye mu gihugu c'u Rwanda mu 1994.