Uganda: Imiliyaridi zibiri z'amadolari nizo zikenewe ku mpunzi

Impunzi mu birori ku munsi wahariwe impunzi mu makungu 20/6/2017
Image caption Impunzi mu birori ku munsi wahariwe impunzi mu makungu 20/6/2017

Igihugu ca Uganda hamwe n'umuryango mpuzamakungu Onu biriwe mu nama n'abagiraneza barondera amahera angana n'imiliyaridi zibiri z'amadolari yo guhangana n'ikibazo c'urugwirirane rw'impunzi.

Uganda icumbikiye impunzi zirenga umuliyoni, benshi muribo bahunze ingwano mu gihugu kibanyi ca Sudani Yepfo.

Ico gihugu carakejwe kuri politike yaco yo kwugururira imiryango impunzi n'ingene kizifata ariko kikaba gihanzwe muri kino gihe n'igwirirana ryazo.

Igisata c'ishirahamwe mpuzamakungu Onu gifasha impunzi kivuga ko gifise ica kane c'amahera akenewe guheza umwaka.

Image caption Ishirahamwe HCR ryateguje ibirori vy'umunsi wahariwe impunzi rivuga ko rikeneye imiliyaridi zibiri z'amadolari yo kuzifashisha

Umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres, ari mu nama yo kurondera ayo mahera, yasavye abakuru b'ibihugu b'akarere hamwe n'abo mu makungu gufasha kurangiza ingwano muri Sudani Yepfo.