Afrika Yepfo: Uruhome rwo gutandukanya abanyagihugu batumvikana

Solly Msimanga ni umunywanyi w'umugambwe Democratic Alliance, ugwanya ubutegetsi bwa Afrika Yepfo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Solly Msimanga ni umunywanyi w'umugambwe Democratic Alliance, ugwanya ubutegetsi bwa Afrika Yepfo

Umukuru w'igisagara ca Tshwane muri Afrika Yepfo Solly Msimanga yavuze ko yipfuza kwubaka uruhome rwo gutandukanya imiryango iba mu matongo yayo n'abandi banyagihugu bagereye muri ako gace.

Uwo mutegetsi yashikirije ayo majambo inyuma yaho hadukiye imidugararo ku munsi wa gatatu hagati y'abanyagihugu baba muri utwo duce tubiri dutandukanye, niko ikinyamakuru News 24 cavuze.

Cavuze ko amabombe akoreshejwe esansi yatewe, yabomoye amazu ku mpande zose.

News 24 yavuze ko ababa mu matongo yabo bavuze ko abantu baje kugerera bokwimugwa, ngo kuberako bihaye amatongo bidaciye mu mategeko.

Akarere ka Tshwane karimwo n'umugwa mukuru Pretoria.