Abatanzaniya biyamirije Magufuli ku kubuza abigeme bavyaye kwiga

John Magufuli yavuze ko abanyeshuli b'abakobwa bavyaye batokurikira neza mw'ishuli Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption John Magufuli yavuze ko abanyeshuli b'abakobwa bavyaye batokurikira neza mw'ishuli

Abatanzaniya benshi biyamirije amajambo Prezida John Magufuli yashikirije avuga ko abakobwa biga bavyaye badakwiye kwemeregwa gusubira mw'ishuli.

Hari urwandiko rwacishijwe ku rubuga ngurukanabumenyi rusaba Prezida kuvuguruza ivyo yashikirije.

Bwana Magufuli yagabishije abigeme biga mu gikorane ku munsi wa mbere ati: "Umaze gutwara inda, biba biheze."

Itegeko ryo mu 2002 rivuga ko abakobwa batwaye inda baca birukanwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Niburiburi abigeme 8000 b'abatanzaniya baraheba ishuli kubera ugutwara inda nkuko Human Rights Watch ivuga

Iryo tegeko rivuga ko abo bigeme birukanwa mw'ishuli ku "vyaha bishingiye ku muco" hamwe "n'ukwubaka".