Ibihomoka vyahitanye benshi mu Bushinwa

Abatabazi bariko bararondera aboba bagihema munsi y'ibihomoka vy'amabuye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abatabazi bariko bararondera aboba bagihema munsi y'ibihomoka vy'amabuye

Abantu barenga 140 bahambwe n'ibihomoka inyuma yaho umusozi usenyukiye mu ntara ya Sichuan mu bumanuko bushira uburengero bw'Ubushinwa, niko itangazamakuru ry'igihugu ryavuze.

Inzu zishika 400 zasambutse mu kigwati ca Xinmo mu ntara ya Maoxian, inyuma yaho uruhande rumwe rw'umusozi rusenyukiye isaha 06:00 ku munsi wa gatanu.

Imirwi y'abatabazi yariko irarondera aboba bagihema munsi y'ibibuye.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ibimashini vyo mu bwoko bwa "Bulldozers" nivyo vyakoreshwa mu kwigizayo ibihomoka

Amafoto yagaragajwe n'ikinyamakuru People's Daily yerekana ama "bulldozers" yigizayo ibihomoka, mu gihe igikorwa c'ubutabazi cabandanya.

Umuryango hamwe n'umwana bashoboye gutabarwa munyuma bajanwa mu bitaro, inyuma yaho abakozi bakoreshereje imigozi mu gukwega amabuye abandi basura ivu, niko itororokanirizo ry'amakuru AFP ryavuze, risubiramwo ivyashikirijwe n'ubutegetsi.

Igipolisi co muri ako karere cabwiye televiziyo y'igihugu CCTV ko ivyo bihomoka vyatewe n'imvura nyinshi igwa muri ako karere, ibintu bikaba vyunyuwe nuko ata n'amashamba ari aho hantu.

"Hari ibitandara vy'amabuye," niko umupolisi w'ipete rya kapitene Chen Tiebo yavuze, yongera ati: "Hano harakunze kwaduka vya nyamugigima."

Amabarabara yari yugaye muri iyo ntara ku munsi wa gatandatu, kiretse ku migwi y'abatabazi, niko ico kigo c'amakuru cavuze.