Arabie Séoudite yigije inyuma igitero cari kigenewe umusigiti wa Mecca

Inyubakwa yasambutse inyuma yaho umwiyahuzi yiturikije, niko umushikiranganji w'intwaro yo hagati yavuze Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inyubakwa yasambutse inyuma yaho umwiyahuzi yiturikije, niko umushikiranganji w'intwaro yo hagati yavuze

Ubutegetsi bwa Arabie Séoudite bwavuze ko bwigijeyo "igitero c'iterabwoba" cagira cibasire umusigiti munini wa Mecca - ikibanza ceranda ca Islamu.

Umwiyahuzi yiturikije igihe abajejwe umutekano bari bakikuje inyubakwa yarimwo, niko umushikiranganji w'intwaro yo hagati yavuze.

Iyo nyubakwa yaciye ibomoka ikomeretsa abantun 11 barimwo abajejwe umutekano.

Abagwanyi batanu biketswe bapfunzwe, niko ubutegetsi bwavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Aba Islamu bari mu bisabisho mu kibanza ca Kaaba ku musigiti mukuru wa Mecca

Imiliyoni z'aba Islamu bavuye kw'isi yose bakoraniye i Mecca barangiza ukwezi kwa Ramazani.

Ubutegetsi bwa Arabie Séoudite nta zindi nsiguro bwatanze kuri ico gitero cigijweyo.

Indege za Qatar zihanikijwe kuja mu gihugu ca Misiri