UK: inyubakwa 27 ntizikwije ibisabwa n'ikigo kigwanya umuriro

Ino karitiye yaheruka gusubirwamwo ku mpome ku miliyoni £66 (imiliyoni $83.9) Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ino karitiye yaheruka gusubirwamwo ku mpome ku miliyoni £66 (imiliyoni $83.9)

Ubutegetsi bwavuze ko ibikoresho bija hejuru ku mpome vyo ku nyubakwa 27 mu turere tw'ikomine 15 mu gihugu c'Ubwongereza (UK) ko bidakwije ibisabwa ku bijanye n'ukwirinda isanganya ry'umuriro.

Bino bishitse inyuma yaho ikomine ya Camden ibaye iya mbere isavye abayibamwo kwimuka kubera imvo z'umutekano, igihe isabiye abantu baba mu nyubakwa zine kuzivamwo ku munsi wa gatanu.

Iyo komine ivuga ko ata kundi yogira atari ukwimura abanyagihugu mu kurindira ko zisubirwamwo.

Theresa May yavuze ko ingingo zikenewe zizofatwa ngo abantu bahabwe aho baba. a

Ku munsi wa gatandatu, abantu 83 banse kuva mu mazu yabo.

Umukuru w'ikomine wo mu mugambwe w'aba Travaillistes, Georgia Gould, yavuze ko ikomine yagerageje gukora inyarutsa ku mvo z'umutekano w'abanyagihugu.

Madamu Gould yavuze ati ikigo kizimya umuriro "catubwiye ko kidashobora kwemeza ko abanyagihugu bo muri izo nyubakwa bazobaho batekanye".

"Ndazi ko bigoye, ariko Grenfell yarahinduye ibintu vyose, sinemera ko dushobora gufata umuzigo w'umutekano w'abanyagihugu".

"Nemeye gutanga amahera kugira ngo ibizimyamwoto vyame biri hafi y'izo nyubakwa mu kurindira ko tuzisubiramwo, ubutumwa notanga nuko ataco nari gukora muri rirya joro ngo mbuze ibiba."

Yavuze ko mu gihe hoba abantu bahitamwo kutava mu nzu zabo ko kizoba ari "ikibazo c'ikigo kigwanya umuriro".