Ubutegetsi bwa Qatar bwiyamirije ibisabwa n'ibihugu vy'abarabu

Qatar, ubutunzi bushingiye ku mwuka wa gazi, ifise abanyagihugu imiliyoni 2.7 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Qatar, ubutunzi bushingiye ku mwuka wa gazi, ifise abanyagihugu imiliyoni 2.7

Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu mu gihugu ca Qatar, yiyamirije ingingo 13 ibihugu vy'abarabu bisaba ko zoshigwa mu ngiro ngw'ico gihugu gikurigweho ibihano cafatiwe, avuga ko bitumvikana kandi ko bitokogwa.

Qatar iri mu bihano yafatiwe na Arabie Séoudite hamwe n'ibindi bihugu biri kumwe nka Misiri, Emirats Arabes Unis na Bahrain, vyagiriza Qatar gushigikira imigwi y'iterabwoba.

Mu vyo vyasavye harimwo ukwugara ikigo c'imbonerakure Al Jazeera, gihabwa uburyo na leta ya Qatar.

Al Jazeera yagiriza ivyo bihugu "kunigira mu menshi umwidegemvyo wo gushikiriza iciyumviro".

Qatar imaze indwi zibiri iri mu bihano vy'imigenderanire n'ubutunzi, Irani na Turukiya bikaba arivyo bihugu bigiha indya n'ibindi vya ngombwa.

Yarahakanye ivyo iregwa ko iha uburyo imigwi y'iterabwoba, igahungabanya umutekano mu karere.

Ivyo bihugu ukwo ari bine bisaba Qatar kugabanya imigenderanire na Irani, no kwugara ikambi ya Turukiya, ikaba yahawe iminsi cumi yo kubikora kuva ku munsi wa gatanu uheze.

Umuvugizi wa leta yavuze ko iriko iriga ivyo vyasabwe.

Ku munsi wa gatatu, umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n'amakungu Rex Tillerson yasavye ivyo bihugu bine gusaba ibintu "vyumvikana kandi vyokoreka".

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubwongereza n'amakungu, yavuze ko ivyosabwa "vyobavyizwe neza kandi bishoboka," Urwo rutonde siko rumeze."