Mauricio Pellegrino, umumenyereza mushasha wa Southampton

Pellegrino (i buryo) yagenywe kumenyereza Alaves mu kwezi kwa gatandatu 2016, igihe uwo mugwi winjiye mw'ihiganwa rya La Liga Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pellegrino (i buryo) yagenywe kumenyereza Alaves mu kwezi kwa gatandatu 2016, igihe uwo mugwi winjiye mw'ihiganwa rya La Liga

Umugwi wa Southampton wo mu Bwongereza wagenye Mauricio Pellegrino ka mumenyereza mushasha wawo.

Uwo mugabo aturuka muri Argentine w'imyaka 45, asubiriye Claude Puel, yirukanywe mu ntango za kuno kwezi amaze umwaka mu mabanga.

Pellegrino yahagaritse mu kumenyereza Alaves mu mpera z'ukwezi kwa gatanu, atsinzwe mu gikombe ca Espagne na Barcelone, umugwi arongoye ugaheza ari uw'icenda mw'ihiganwa rya La Liga.

"Ukwo mbona ibintu n'ingene umugwi usanzwe umeze, ibintu bizogenda neza," niko Pellegrino yasinyiye amasezerano y'imyaka itatu yavuze.

"Nipfuza gutsinda inkino, ntere imbere, ntume umugwi umenyerana aho umwumwe wese akora 100% agashigikirana.

"Ndaryohewe kandi ndanezerejwe n'ivyo kazoza imbikiye."