Abanya Etiyopiya baba muri Arabie Séoudite bariko barasubira mu gihugu

Ikarata ya Etiyopiya
Image caption Ikarata ya Etiyopiya

Ubutegetsi bwa Etiyopiya bwavuze ko abenegihugu bari munsi ya 10% baba muri Arabie Séoudite badafise ivyangombwa bamaze gutahuka mu gihugu.

Isango ubutegetsi bwa Saudi bwatanze ngo abantu bose badafise ivyangombwa babe batashe, rirangira mu minsi mike.

Umushikiranganji ajejwe amakuru (Negeri Lencho) yavuze ko abantu 35000 ku bagera ku gice c'umuliyoni babayo, aribo batashe.

Benshi mu banya Etiyopiya baba muri Arabie Séoudite bafise ubuzi bw'imishahara iri hasi, mu buzi bwo mu nzu n'ubw'ubwubatsi.

Mu 2013 abanya Etiyopiya benshi barishwe mu makimbirane hamwe n'igipolisi ca Saudi cariko gishaka kubatahukana ku nguvu.