Amerika yakuye ku rutonde rw'ahigwa uwahora arongoye Al Shabab

Abagwanyi ba al-Shabab Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abagwanyi ba al-Shabab

Ubutegetsi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bwahagaritse agashimwe k'imiliyoni zitanu z'amadolari bwohaye uwofashije kurondera uwahora arongora umugwi uri muri Somalia ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Al Shabab.

Ntibwatanze igituma bukuye Mukhtar Robow ku rutionde rw'abarondegwa n'ubutungane bwa Amerika.

Gushika ubu Bwana Robow afatwa n'ubushikiranganji bw'ikigega bwa Amerika, nk'umuntu aja mu bikogwa vy'iterabwoba.

Yarigeze kurongora ingabo, araba indongozi igendera ku vyiyumviro vy'idini hamwe n'umuvugizi wa Al Shabab, imbere yuko ava muri uwo mugwi 2013.

Hari amakuru avuga ko Bwana Robow yoba ari mu biganiro na leta ya Somalia ariko nta kintu kivyemeza.