Ubutegetsi bwa Mozambique bwagirizwa ibiturire

Ikarata ya Mozambique
Image caption Ikarata ya Mozambique

Umugwi ukora itohoza wasanze ubutegetsi bwa Mozambique budashobora gusigura amahera agera ku ca kane c'imiliyardi zibiri z'amadolari y'amadeni atari yemewe, yahawe amashirahamwe.

Ikigega mpuzamakungu FMI gisaba ko hoshingwa umugwi ataho wegamiye, wokora itohoza kuri ayo madeni yatanzwe imbere yuko kivugana ivy'imfashanyo n'ico gihugu.

Abagiraneza benshi barahagaritse gutanga uburyo bw'amahera, inyuma y'inyifato iteye isoni aho amahera yaragenewe gutez'imbere igisata c'uburovyi n'ic'umutekano mu kiyaga muri Mozambique yanyurujwe mw'ibanga.

Ipotera ryayo mahera ryatumye amahera yo muri ico gihugu ata agaciro, bituma ico gihugu kidashobora kuriha amadeni.

Umugwi wa FMI witeguye kugendera igihugu ca Mozambique mu kwezi kuza, ngo uvugane n'ico gihugu kuri izo ngorane.