Ikamyo itwara ibitoro yahiye yishe 123 muri Pakistani

Ikarata ya Pakistani
Image caption Ikarata ya Pakistani

Niburibuiri abantu 123 bapfuye igihe ikamyo itwara ibitoroyakiye umuriro hafi y'igisagara ca Ahmedpur yo mu buseruko mu gihugu ca Pakistani, niko ubutegetsi bwo muri ako karere bwavuze.

Isinzi ry'abanyagihugu ryegereye aho iryo sanganya ryabereye, kuyora ibitoro vyaseseka bivuye muri iyo kamyo yubamye igihe yaka umuriro.

Abantu benshi bariko baravurigwa mu bitaro.

Amakuru ataremezwa avuga ko iyo modoka yariko iriruka cane, igihe yagwa.

Abantu bariko baranywera itabi aho iryo sanganya ryabereye, ngo boba aribo bateye uwo muriro, nkuko imbonerakure ya Pakistani, Geo TV yavuze isubiramwo amakuru y'ivyabona.

Amabarabara yo muri ico gihugu asanzwe azwi ko ashobora gutera impanuka, imodoka nazo zikaba zidatungwa neza ukongerako n'ugutwara nabi.

Kajugujugu za gisirikare nizo zaguma zitwara abahiye canke bakomeretse mu bitaro, nkuko umuvugizi w'igisirikare Majoro Jenerali Asif Ghafoor yavuze ku buryo bwa Twitter.

Itangazamakuru rya Pakistani ryasohoye amafoto y'aho iyo mpanuka yabereye, yerekana ibiziga vyahiye bikazigira hamwe n'imiduga yahiye.

Hari ubwoba ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera.

Niburiburi imodoka zitandatu hamwe n'ipikipiki 12 vyahiye, nkuko ikinyamakuru Dawn ca Pakistani cavuze.

Ibiziga bimwe bimwe ngo bizomenyekana habanje gukoreshwa uburyo bwa ADN, mu gihe hari ivyahiye bikayoberana, niko amakuru avuga.