Ibirori vyo kurangiza Ramazani vyagomoje abapolisi benshi i Birmingham

Igitigiri c'abantu baja mu birori vya Eid mu kibanza Small Heath Park congerekana ku mwaka
Image caption Igitigiri c'abantu baja mu birori vya Eid mu kibanza Small Heath Park congerekana ku mwaka

Abapolisi bafise inkoho hamwe n'iyindi migwi ijejwe umutekano bategekanya kubungabunga umutekano mu kibanza kivugwa ko kiberamwo umunsi mukuru w'agakura w'irangiza ry'ukwezi kwa Ramazani mu gisagara ca Birmingham mu Bwongereza.

Abateguye ivyo birori bavuga ko biteze abantu 100000 ku kibuga Small Heath Park ca Birmingham, kuri uno munsi mukuru wa Eid al-Fitr.

Abapolisi biyongera bemewe inyuma y'ibitero vy'iterabwoba i Manchester na Londres hamwe no ku musigiti wa Finsbury Park mu minsi iheze.

Bitegekanywa ko hagomogwa abapolisi mu bibanza bikomeye, kandi hategekanijwe n'abapolisi bakora ibikogwa bihambaye, niko igipolisi ca West Midlands cavuze.

Abo bapolisi bahambaye barimwo abapolisi bitwaje inkoho.

"Uko umwaka utashe ivyo birori biriyongera...umutekano nico kintu c'ukwitwararika cane, ariko twipfuza ko abantu baryohegwa muri ivyo birori," niko umuvugizi w'ikigo "Green Lane Masjid and Community Centre" yavuze.

Ubaye umwaka w'indwi ibirori vya Ramazani bitunganirizwa ku kibuga Small Heath Park ca Mirmingham, ababiteguye ngo bakaba bafise intego yo guhuza abanyagihugu b'imisigiti itanu yo muri ico gisagara.

Aba Islamu bafise amakenga ko bashobora guhamwa, bagategwa nkuko vyagiye biravugwa inyuma y'igitero ca Finsbury.

Ivyo vymejwe n'uwurongoye umusigiti mukuru "Birmingham Central Mosque".

Mohammed Afzal yavuze: "Icoshika cose, abantu bose barafise akoba nkuko umengo bashobora gutegwa canke ko bashobora kubazwa ku vyoba".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umutekano wakomejwe ku musigiti mukuru wa Birmingham

Bwana Afzal yavuze ko igipolisi ca "West Midlands Police" hamwe n'ubutegetsi bariko barakora ibishoboka vyose, kugira ngo ntihagire ubwicanyi bushingiye ku rwanko rw'aba Islamu bwaduka, igipolisi kikaba cazungurutse imisigiti ngo ntihagire igitero nk'igiherutse i Manchester kiba.