Erdogan: Ivyasabwe Qatar biteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu

Iyo ndamutso y'intoke zine - "rabaa" - ya Prezida Erdogan yatangujwe n'umugwi Muslim Brotherhood mu myiyerekano yo mu 2013 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iyo ndamutso y'intoke zine - "rabaa" - ya Prezida Erdogan yatangujwe n'umugwi Muslim Brotherhood mu myiyerekano yo mu 2013

Umukuru w'igihugu ca Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, yavuze ko urutonde rw'ivyo Qatar yasabwe gukora ngo ikurigweko ibihano n'ibihugu vy'abarabu, ko ruteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu.

Bwana Erdogan yasiguye ko ibisabwa bihonyanga ubusugire bw'igihugu.

Qatar ivuga ko ibisabwa -- birimwo ukugabanya imigenderanire na Irani, ukwugara ikigo ca televiziyo ca al-Jazeera hamwe n'ukwugara ikambi y'igisirikare co mu kirere ya Turukiya -- bitumvikana.

Mu ndwi iheze, Ankara yamenyesheje ko igiye kwongera abasirikare bayo muri Qatar.

Yararungitse n'ubwato bw'ibifungugwa muri Qatar, yakumiwe n'ibihugu vy'abarabu bigizwe na Arabie Séoudite, Emirats Arabes Unis, Bahrain na Misiri, bicagiriza gutanga uburyo mu bikorwa vy'iterabwoba.