Federer yatsinze Alexander Zverev mw'ihiganwa Halle Open

Federer yatsinze ubwa mbere ihiganwa rya Halle Open mu 2003 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Federer yatsinze ubwa mbere ihiganwa rya Halle Open mu 2003

Umukinyi akomeye wa Tennis Roger Federer, yitegurira ihiganwa rya Wimbledon, yatsinze umukinyi Alexander Zverev, aba abaye umukinyi wa mbere atsinze incuro icenda ihiganwa Gerry Weber Open ry'i Halle mu Budagi.

Uwo munya Swisse w'imyaka 35 yipfuza gutahuukana intsinzi igira umunani mw'ihiganwa rya Wimbledon, yatsinze 6-1 6-3 mu minota 53 mu Budagi.

Umudagi Zverev w'imyaka 20, yari yatsinze Federer mu gice c'ica kabiri (demi-finale).

"Sinzineza ko nza gutsinda rino riganwa ariko nipfuza kurikina neza nryohegwe uko bishobotse," niko Federer yavuze.

Intsinzi y'uno munsi ibaye iya kane atwayemwo agashimwe, ivyo bikaba bimaze gushikwako na Rafael Nadal wenyene.

Ihiganwa rya Wimbledon yiteze guhiganamwo rizotangura itariki zitatu z'ukwezi kw'indwi mu Bwongereza, rirangire itariki 16 z'ukwo kwezi.

Nadal yatsinze Milos Raonic yinjira muri 1/2