Igitigiri c'abafata ibiyayuramutwe cikuvye kabiri muri Irani

Ikarata ya Irani
Image caption Ikarata ya Irani

Amakuru aturuka mu bigo vy'itangazamakuru, avuga ko igitigiri c'abantu bifatiwe n'ibiyayuramutwe vyikuvye kabiri muri ino myaka itandatu.

Umuvugizi w'ikigo kigenzura ibiyayuramutwe "Drug Control Administration", Parviz Afshar, bivugwa ko yavuze ko imiliyoni umunani z'abanya Irani bamenyereye gufata ibiyovyabwenge.

Yavuze ko ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa Opium, arivyo bifatwa cane, bigakurikigwa na Methamphetamine.

Sayeed Safatian, arongoye ikigo gikorera ku biyovyabwenge "Expediency Council", yabwiye ikigo c'itangazamakuru c'igihugu ca Irani "Iran News Agency" (IRNA), ko ibitigiri bishobora kuba biri hejuru kurusha ibishikirizwa.

Bwana Safatian yavuze ko abantu bishura mw'itohoza ryakozwe rijanye n'ivyo bitigiri vyatanzwe, ko batipfuza kuvugamwo incuti zabo zatwawe n'ivyo biyayuramutwe, batinya kuvugwa.

Igihugu kibanyi ca Irani, Afuganistani cimbura ibice 90% vy'ibiyovyabwenge vyo mu bwoko bwa opium bifatwa kw'isi yose.

Irani nico gihugu ivyo biyayuramutwe bicamwo bigiye mu bindi bihugu.